Kw'Isoko Ry'ubuzima: "N'ukuri Kuri Jewe, Ubuzima Bwanje Ni Kristu"
Kw'Isoko Ry'ubuzima: "N'ukuri Kuri Jewe, Ubuzima Bwanje Ni Kristu"
mu muryango wabakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057
E-mail: [email protected] Site: www.isokoryubuzima.es.tl
munsi wa gatandatu, numunsi wahariwe ubutumwa bwo kwitaho abarwaye (nkuko vyama bigenda kwigenekerezo rya 11 ruhuhuma). Nari nsanzwe nzi ko ababikira babamisiyonari burukundo (abo bita ababikira bi Kalkuta) bitwararika cane ba ntahonikora barwaye. Niko gufata ingingo yukuja kubaza bamwe muri bo ngo bansigurire ingene barangura ubutumwa bwabo, nongere ndabafotore. Nagiye kwivuriro bafise hafi yisoko ryi Bujumbura. Ku biraba ivyo kubafotora bambwiye bati: Ntimudufotore ngaha ntibikunda, birabujijwe. Niko kubabwira naje nti: Ariko nari nabanje guca mwisengero ryanyu nsangayo abantu bariko barasenga imbere yisakramentu ryeranda, hanyuma ndafata ifoto. None ndashobora kuyereka abandi nkayishira mu kinyamakuru? Banyishuye bati : ego, ugufotora agasengero birakunda. Narabatahuye. Ntibashaka kwishira hejuru, bashaka guha icubahiro Imana kuko ariyo Mukiza wukuri. Ibanga bafise rirarengeye ugukiza abarwaye ku mubiri gusa. Amizero yabarwaye, ni Imana itanga ubuhirwe butazohera. Ico bashaka nukwegereza abarwaye ku Mana nkuko mubona kuriki gicapo nasanze mwisengero ryabo. Abarwaye ni benshi hano kwisi; hari abari mu bitalo nimuhira. Ekleziya mu kwitwararika abarwaye irubaka amavuriro, igaha abasaserdoti ubutumwa bwo kuremesha abarwaye, kubaha isiga ryabarwaye, isakramentu ryikigongwe nUkaristiya. Muriyi minsi ndaherutse guha isakramentu ryUkaristiya umutamakazi yari arwariye imuhira. Akanyamuneza yakiranye Ukaristiya kari agatangaza. Turihenda iyo tuvuga ko abarwaye bakeneye imiti gusa. Abarwaye barakeneye kumenya ko Imana iri kumwe nabo mu maganya barimwo. Hariho amaparuwasi amwe nibitaro dusangamwo imirwi yabaremesha abarwaye. Ni vyiza cane. Mbere umukristu wese arakwiye kwibaza ingene yokwitwararika abarwaye bamwegereye. Erega twese iyo turwaye turakenera abatwibutsa urukundo rwImana. Kwisoko ryubuzima turagurisha agatabu kitwa Yezu nabarwaye kanditswe na Andr Myre; kagurwa : 650Fbu. - P. Germano Arconada. Bikira Mariya Mugabekazi wi Lourdes, dusabire. Kwigenekerezo rya 11 Ruhuhuma twama duhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abarwaye. Ekleziya yashimye kandi ko kuri iryo genekerezo duhimbaza aho Bikira Mariya yabonekera umwigeme Bernadetta Soubirous hariya i Lourdes mu bufransa. Ikibanza ceranda ci Lourdes kirafitaniye isano na Bikira Mariya nabarwaye. Kukaba nkako, abantu benshi, harimwo nabarwaye baragirayo ingendo nyeranda. I Lourdes, benshi baraharonkera ingabirano ninema nyinshi basabiwe nuyo Muvyeyi, izo nema nazo zikabashigikira mu rugendo. Mbere rimwe na rimwe ningwara zububiri zirakira, kubwigisabisho cuwo Muvyeyi, mu gihe Imana ibonye ko arivyo biyininahaza. Mwijambo Papa Yohani Paulo wa kabiri yashikirije kwigenekerezo rya 11 Ruhuhuma 1988, (niho yahimbaza intango yamabonekerwa yi Lourdes ), yaribukije uruhara ntangere Bikira Mariya afise mu butumwa bwa Ekleziya bwo gukwiza hose ubwami bwumwana wiwe Yezu. Urwo ruhara rwiwe ruribonekeza ku buryo budasanzwe uravye ingene abantu basidukana niyonka mu kugira ingendo nyeranda, bagenda bagana ibibanza vyeranda nibirimba vyamwitiriwe. Ariko twokwibukanya ko igihambaye kuruta ibindi atari uko abantu bakira ku mubiri. Kuko ari umuvyeyi yuzuye imbabazi, Bikira Mariya agumana natwe mururu rugendo turimwo adusabira, adukingira, adutwaza umusalaba, atwerekeza kwa Yezu. Arajwe ishinga nukutuzigama gushika azodushikane mwijuru. Ico rero ni co gihambaye.
5/2/2012 NtimudufotoreKu
Igiciro 100 fr
N6/12
komeye nabaye nk'uwudakomeye, kugira ngo ngarure abadakomeye; kuri bose nigize vyose, kugira ngo mbashe gukiza bamwebamwe uko nshobora kwose. Ivyo vyose ndabikora kubw'Inkuru nziza, kugira ngo ntorane mu vyiza vyayo. INKURU NZIZA: Mko: 1, 29-39 Yarakiza abarwaye benshi bababaye kwinshi Bavuye mw'isinagoga. Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Marko: Yezu ari kumwe na Yakobo na Yohani, barora kwa Simoni na Andreya. Inabukwe wa Simoni yari ku musego, arwaye inyonko. Buno nyene, baca baramuvugira. Na we aramwegera amufata ukuboko aramuvyura. Nya nyonko ica irakira, aja mbere mu vyo kubazimana. Ku mugoroba, izuba rirenze, bamuzanira abarwaye bose n'abasazwa n'amashetani. Igisagara cose cari cakoraniye imbere y'inzu. Akiza abarwaye benshi bababaye kwinshi; amashetani menshi na yo akayirukana kandi ntiyayareka ngo avuge, kuko yari amuzi. Bukeye, Yezu ahengera umutwenzi utarakika, aravyuka, arasohoka, aja ahantu hiherereye aba ariho asengera. Simoni n'abo bari kumwe bamuja mu nyuma, Bamushikiriye bati: Bose bariko barakurondera. Na we ati : Hogi tuje ahandi mu bindi bigwati, ndahigishe na ho, kuko arico canzanye. Aragenda rero yigisha mu masinagoga y'Ubugalile bwose kandi yirukana amashetani. atabakira neza ikagenda. Uno nawe aciye aronka ingoga nakanyamuneza ngo asubirize mu ndumane Umukiza nabo bari kumwe mu kubazimana. Ubwo ni bwa bukengurutsi twerekana canke tubona gake ariko bwabwirizwa kuturanga kuko tugirirwa vyinshi! Kuva mwisinagoga gushika mu mihana no mu mayira wa muriro wurukundo ugenda uranda imbeya zibohora, zigakiza. Ni muri ubwo buryo Yezu amenyekana bukebuke ko ari Mesiya nkuko inkuru nziza ya Mariko ibitumenyesha. Ariko rero biragoye! Inyigisho yiwe nububasha bubonekera mu bitangaro bituma ishengero rimutangarira, benshi bakamwuma amaguru inyuma bamurondera. Hashobora kuba harimwo abibaza ko agomba kubogora ingoma ya Israeli (Ibik.vyA bat1, 6), ko intwaro yigikenye yAbaromani igiye kuhava kubera we, ntibategere ko ubwami bwiwe atari ubwaha kwisi(Yoh18, 36). Ikimuraje ishinga ni ukurangura ishaka rya Se wiwe: kurondera ko abantu bose bokira kandi bakamenya ko Data ari We yatumye Mwana, ko nubutumwa arangura bushingiye muri Data. Nico gituma Yezu adashaka ko abantu bamushimagiza kumwe kwabantu dushaka kumenyekana no mu tuntu dutoduto. Ashimye rero kuja ahiherereye ngo asenge, aheze abone kubandanya igikorwa co kumenyesha inkuru nziza mu bindi bisagara no kubohora ababoshwe ningoyi zubwoko bwinshi. Muri ubwo buryo, atwigi-
sha natwe kutaguma twirukanga; kenshi turondera ininahazwa ryacu. Atwigisha ahubwo kuja ahatekanye tukitura Data, tumuhereza ivyo twashoboye kurangura, no kumusaba inkomezi mu biturindiriye ngo tubikore kubwiwe, hamwe na We no muri We. Ivyiza azanye navyo si ivyakarere kamwe, nivyabana bo mu nzu, ivyabidegemvya. Kubera ko Imana itagira nkunzi, mu bihugu vyose ishima uwuyubaha agakora ibitunganye (Ibik vyAbat10, 34-35), vyiza vyayo bigenewe uwo
wese abinyotewe akavyakirana ukwemera. Nico gituma Yezu aje kwerekana iyo ngendo yImana. Ntashaka kuguma i Kafarnaumi, ashaka riho kuja mu bindi bigwati, ahigishe naho kuko ari co camuzanye. Ninaho nabapagani bazoronka akaryo ko kwugururirwa amarembo yivyiza Imana itugabira, nubwami bwijuru. Naho nyene, Yezu aduhaye icigwa co kutigungirako ivyo dufise, no gufashisha abandi ingabirano twahawe : nivyiza vyImana biryoha bisangiwe
IGISABISHO C'UMUFOROMA. Mukama, mfasha nitwararike umurimo nshinzwe, umbere n'akaryo ko kwita-
nga muri ayo mabanga y'ubuvuzi. Nyuzuzamwo umwitwarariko wo gushira mu ngiro ivyo nzi, nshobore no gushikiriza abarwayi ibibereye, ibibagirira akamaro vyonyene mu burwayi bwabo, ata kindi. Ese ntokwibabara; ese ntogira ico nanjanjwako muri ivyo iyose umurimo wanje untegereza. Uburuhe canke ishavu noba mfise, ntivyigere bimbera intambamyi zo kwitaho abarwayi nshinzwe, ngo bitume babura ivyo bari bagenewe kubera jewe, kubera imvo zurunturuntu zitanavuye no kuri abo barwayi. Kuguza ineza yanje ineza nogiriye umurwayi, ese nobigira indahiro; maze ubuzima bwumurwayi ntibwigere businzikara kubera uburangazi bwanje; Ese noshobora hoho no kwitwa wa mukozi w'imburakimazi yaranguye ivyo yategerezwa gukora. Kuba umugumyabanga bimbere ingingo; kwubahiriza muri vyose na hose amategeko y'umurimo njejwe bibe ubuzima bwanje; ukwo yoba ari kwose, mu gihe no mu mbura gihe, mfise umwanya canke nitwa ko ntawufise, gukurikiza amabwirizwa y'ubuvuzi mu gutanga imiti nk'uko muganga yayanditse, ndabigire akaranga kanje. Mu bihe bihambaye vyihutirwa, uramfasha ndaherekanire ubukerebutsi n'ububangutsi mfise, nshobore no kwitwa imbonekarimwe, inserukarukamvye. Nkomereza ivyo nemeye, sinze nigere ndabidohokako canke ngo ndabirangure ibice bice, ariko nzoshimishwe n 'uko nabiranguye uko bikwiye. J. G a l o t Ukunagurwa muri mutima mweranda nti vyoherera mu mugigwa. Mu mwaka uheze, (mu kwezi kwa Myandagaro 2011) abakristu bo muri Paruwasi Ngozi bavyiteguriye baranaguwe muri Mutima Mweranda. Murabo, hari abavuze ko akanyamuneza biyumvisemwo kuruwo musi karengeye na kure ako bagize umusi baronka impapuro zumutsindo. Bavukanyi dusangiye iryo teka ryo kuba twaranaguwe muri Mutima Mweranda, twiyibutse gatoyi ivyo batwigishije vyodufasha kuzigama ingabirano twaronse, ngo nti zitubere impfagusa. 1.Ukunagugwa sukuronka ubukuru. Hari bamwe mu banaguwe batemera guhanurwa. Iyo ubagiriye inama bakubwira yuko ata jambo ubafiseko, bakabona ko bari hejuru ya bose, ko mu kunagurwa kwabo baduze ipete. Mutima Mweranda akunda abitonda kandi bakaja inama. Ni Mutima wUbwitonzi. Ukuba twarunguye ubumenyi nkomeza mutima nti bisigura ko turi hejuru yabandi. 2. Uwanaguwe aguma mu bunywanyi hamwe na Ekleziya, akagamburukira Patiri Mukuru wiwe. Naho umuntu yobona ibitagenda neza, kirazira ko yishira hejuru. Ni hagira ivyo Patiri Mukuru atubwira ko bidashoboka, nti twigire abahinga ngo turengere abungere bacu. Ahubwo twosenga tugasaba Mutima Mweranda, ngo we nyene yerekane ikibereye. 3.Twame duca bugufi. Nti hagire uwo turengera ngo nti yanaguwe, Mutima akoresha uwariwe wese uko ashatse. Tumusabe atwereke umuco, tubone aho ukuri kuri. 4.Ukunagurwa sisakramentu, subukuru twahawe. Mutima Mweranda akabura muri twebwe ingabirano ziwe, ngo turonke inkomezi zo gushingira intahe Yezu Kristu, kuba umunyu numuco vyisi. Ko hari iyindi ntambwe twateye, dukwiye gutandukanya icatsi nururo. Nti tubone yuko turuta abandi, ahubwo duce bugufi imbere yabandi kugirango tube ikimenyetso curukundo nubwiza vyImana. Imana nitubere ubuhungiro, Mutima Mweranda atubere umuhanuzi, Yezu atubere umwigisha, umwami numukiza. Bikira Mariya nawe natubere umuvyeyi, twibere mu mutamana wiwe, tumusabe adusabire ubwitonzi bwiwe, asabire Uburundi. Nyandwi Lehonidasi - Paruwasi Ngozi
Kuwa 1, 6/2 Kuwa 2, 7/2 Kuwa 3, 8/2 Kuwa 4, 9/2 Kuwa 5, 10/2 Kuwa 6, 11/2
Aberanda dusaba Agata Paolo Miki Romuald Yozefina Bakhita Apoliniyo Sikolastika
Umugabekazi wa Lourdes-Abarwaye
Injili yuno musi Mko 1, 29-39 Akiza abarwaye benshi bababaye kwinshi Mko 6, 53-56 Nabo abaramuka bamukozeko barakira Abo bantu bansasako akarimi keza yamara umutima ntunyegereye Mko 7,1-13 Mko 7, 14-23 Ikiva mu muntu nico kimutyoza Mko 7, 24-30 Atakambira rero Yezu ngo yirukane shetani ive mu mwana wiwe Mko 7, 31-37 Agira neza vyose, abatumva arabakiza bakumva, ibiragi biravuga Mko 8, 1-10 Abantu bararya barahaga, begeranya ibimanyu vyari bisigaye
Mukama, ubishatse wonkiza. Yohani Batista ati : Nguyu umwagazi wImana, nguyu ukiza abantu
ibicumuro.(Yoh 1,29) Bavukanyi, wa Mukiza twari tumaze imisi turindiriye, twitegurira, nguyo yaraje; twaramwakiriye mu ngo zacu, mu mihana iwacu. Na Yohani Batista ngo nti yari amuzi ariko ngo yamumenyeshejwe nImana : Uzobona Mutima amanuka nkinuma ahagarare ku muntu, ni we azobatiza abantu muri Mutima (Yoh 1,33). Ivyo Yohani yaravyiboneye aho yamubatiza muri Yordani. Natwe twaravyiboneye aho twabatizwa, Mutima Mweranda twaramwiboneye hamwe twakomezwa nawe, ngo tube ibiremwa bishasha. Nkuwo yavuze ati : Mukama ubishatse wonkiza, natwe tuvuge tuti Mukama, ubishatse wokiza Uburundi. Yezu nawe ati: Ndabishatse Burundi, kira! Yezu, Umukiza wisi arashaka ko Uburundi bukira uyu musi. Hasigaye ko natwe tumukundira ngo adutume: Adutume kuvavanura nicitwa inabi cose: ubwicanyi ubwo ari bwo bwose, ubusambanyi, ukwigungirako, twitwaza ngo umugabo ni uwurya utwiwe nutwabandi. Adutume kuvavanura nimico nimigenzo ya gipagani niyabanyamahanga, nkinyambaro zitabereye zitirimutsa abandi. Adusaba guheba kwaka nugutanga ibiturire, guheba kurenganya abandi mu kwitwaza igikenye canke ububasha nivyicaro dufise. Adusaba kandi kugamburukira nukwubaha abaturuta nabadutwara kuko ubukuru, uko bumeze kwose buva ku Mana. Bavukanyi, uyo mwami numukiza aje iwacu mu Burundi, mu mihana iwacu, ashaka kudukiza ubwo bugunge, iyo nzigo yakazikira, ayo macakubiri yintara, yimigambwe, yamoko, nibindi bene ivyo. Adusaba gutanga ishikanwa ryurukundo. Dukundane twese, dufashanye muri vyose mu kwakira ingenzi, kuko ngo Ibrahimu yarabigize asanga yakiriye abamalayika bUmukama. Twibuke abari mu mabohero; erega natwe dushobora kuba tuboshwe mu buryo butandukanye numugera wamacakubiri nibindi nkivyo; twibuke abo bose batotezwa kuko natwe dutotezwa nigicumuro. Twirinde ubuhumbu, tugumye ibanga mu ngo, twirinde ubusambanyi. Nti dutwarwe numwina wamahera namaronko, niho rero tuzoheza tukemeza ko Umukama ariwe aje kudutabara, ataco twotinya, umuntu ataco yotugira kuko ububasha bwiwe ataho bushika, ububasha bwa Yezu burengeye vyose; Niwe Mukiza. Twibuke rero uko Yezu yari ameze nivyamuranga: Urukundo, amahoro, ukwitwararika abatobato, abagowe, abarwaye, eka abo bose bari mu ngorane, tumenye ko uko yari ejo ariko ari uno musi kandi ariko azoguma ibihe vyose. Twirinde kwitwararika inda zacu nibiduhimbara gusa, ariko twitwararike gukora ivyiza aho turi hose, dufashanye muri vyose, ni ryo shikanwa Imana ishima; Tuzoheza turonke amahoro mu mutima wacu, mu ngo zacu, mu mihana no mu Burundi bwacu twagabiwe nImana. Dusubize hamwe twese. Tugire Yezu na Mariya. Theodore Siniremera, Ishule kaminuza yUburundi - 79988387 Abana barandikiye Yezu. Ewe Yezu Mukunzi wacu, twebwe turacari bato, none rero twibaza ko wari ukwiye kwitaho isi ya none kuko yaraboze kandi ni twe tuhagwa. Abana batari bake turamerewe nabi cane mu buzima bwacu bwa misi yose. Abavyeyi benshi barafise ingorane z'ubukene, z'amagara, z'indero y'abana, zukubana nabi, zubugunge, zurwangara, zubuziramana, nibindi vyinshi. Aho ni twe tuhagwa. Mw'isi hari ubugizi bwa nabi bwubwoko bwose, inzigo ikwega umutima wo gutera intambara, hagakurikira uruja n'uruza rw'abantu bahunga kubera izo ntambara. Tugaca tuba imfuvyi, tukabura abatwitaho, abatwitayeho nabo bakaturya umutima. Hariho nabantu bigira abanyabwenge ; baramaze n'ukumenya ubuhinga bushobora gutikiza abantu isinzi mu mwanya muto, bakoresheje ivyo bise amabombe. None mu vy'ukuri, n'igiki catumye tuza ngaha kw'isi? Ariko none bizogenda gute? Twarihebuye. Nawe urabona ko bitoroshe, ariko umenga wigumira kure. Natwe rero abana, turazimizwa tukazimira, tukaba kure yumuco uva i wawe Mukama. None uzogaruka ryari? Uzokwibonera ingene ubutimbe bwateye mu miryango, mu gihugu. Uzokwibonera ingene hari urwangara muri vyose, ingene twinjira mu majanyuma aho twoteye intambwe. Uzobona ko inyigisho zawe zisuzugurwa. Ariko akanyamuneza ka Noeli karasubije itoto ukwizera kwacu. Ntuduhebe Mukama, komeza utuboneshereze imisi yose, udukize ibikomere. Nta wundi twizeye atari wewe. DUCISHEMWO DUTWENGE. Umwungere wumurundi yararagiye inka, nazo zikaba zari mu nzira. Umuntu wumunyarwanda ahaciye atinye ko izo nka zohava zimwica, abaza wa mwungere ati: Ese, izi nka zirica ra? Wa mwungere nawe ati : Naho nabereye, si nari bwumve inka zicara. Ahubwo utaziciye kure ziraguseka. Wa munyarwanda nawe asubizayo ati : Dorishyano! Mbese inka zino zijya ziseka?